Uko wahagera

Burundi: Abakozi Basaba Kongerwa Imishahara


Bamwe mu bakozi bakoze defire mu Kayanza ku munsi w'akazi
Bamwe mu bakozi bakoze defire mu Kayanza ku munsi w'akazi

Uburundi bwahimbaje umusi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi. Abahagarariye abakozi bongeye gusaba indongozi z’Uburundi kongerwa agashahara kotuma batuza ubukene bubugarije.

Umusi w'akazi n'abakozi mu Burundi wahimbajwe ku civugo kigira giti : «Dukomeze ibikorwa ku buryo umwe wese arimbura ico yakoze ». Wahimbarijwe ku kibuga c’umupira w’amaguru Gatwaro, kiri mu ntara ya Kayanza.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yari yishikiye aho mu Kayanza ari kumwe n’umupfasoni wiwe, kugira yifatanye n’Abarundi guhimbaza uwo musi mukuru witabiriwe n’abagize inzego za reta zose.

Mw’ijambo yashikirije, Prezida Ndayishimiye yavuze ko ubukene buri mu gihugu buva ku bunebwe no ku ndongozi zimwe zimwe zidakunda igihugu.

Ku rundi ruhande, uwuserukira abakozi mu Burundi, Celestin Nsavyimana, yabwiye prezida w'Uburundi ko reta itabongeje agashahara bigoye gutuza ubwo bukene.

Nsavyimana yemeje y'uko mu ndongozi hakiri abakoresha ka mwana wa mama, bikica akazi, ariko ko n’imishahara y’abakozi itakijanye n’igihe. Nsavyimana ariko aranavunira akagohe abakozi bica akazi nkana.

Celestin Nsavyimana akaba yasavye abakozi kuja mu masendika kugira bashobore guhanahana ivyiyumviro, bagwanye akarenganyo aho bakorera, bagwize umwimbu bafatanye mu nda.

Umusi mukuru w’abakozi ufise inkomoko muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, aho mu mwaka 1886, amashirahamwe y’abakozi yagira imyiyerekano asaba ko amasaha y’akazi yoba umunani.

Iyo myiyerekano yahitanye abantu benshi bitavye Imana ariko ico baririra barakironse. Naho uwo musi ukomoka muri Amerika, abanyamerika bawuhimbaza ku musi wa mbere w’indwi ya mbere y’ukwezi kw’icenda.

Fyondwa hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Desire Hatungimana.

Prezida Ndayishimiye: Ubukene buri mu gihugu buva ku bunebwe no ku ndongozi zimwe zimwe zidakunda igihugu.
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:55 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG